Cristiano na Messi barishuwe imilioni $5 yo Kwamamaza ifoto inzivye kurusha izindi!


Cristiano Ronaldo na Lionel Messi, Louis Vuitton n’umufotographe Annie Leibovitz bashize hanze ifoto yamamaza ibikorwa vyose vya Louis Vuitton yo hariya mu Bufaransa. Ikiguzi c’iyi foto gihagaze miliyoni zitatu z’amadolali y’amerika. Aba bagabo bafise imirwi yababakurikirana bari bicaye ku gikapo (Suitcase) ubusazwe kimenyerewe mu gutwara amafaranga kubanye politiki ,ivyamamare n’abacuruzi baba bagiye mu rugendo. Iriya foto niyo inzivye kurusha izindi kw’isi. Ihagaze miliyoni 440 ($).

Inkuru nyinshi ziri ku mashakiro kw’isi ziragaruka ku kuba Cristiano na Messi bashize hasi ubukeba bakiyemeza gukorera idolali bamamaza ibikorwa vya sosiyete Louis Vuitton yinjiza miliyali 14 z’amaero buri mwaka. inkuru nyinshi ziri kugaruka kw’ifoto aho kubwira abantu igiciro bishuwe.

Ikinyamakuru citwa American Post canditse inkuru ndende yerekana umufungo Cristiano na Messi bishuza ku muntu wese ushaka ko bamwamamariza ku mbuga gurukanabumenyi zabo nubwo bakurikirwa cane ariko hari ibitigiri

umufotozi Annie Leibovitz w’imyaka 73 wo muri Amerika  niwe wafashe iriya foto. Avugako ariyo foto izivye kw’isi. Iyi foto ihagaze miliyoni $440. Mu marundi ni miliyali 880 Fbu. Ibibiciro bigaragazwa na The Portal The Money kuko niyo igaragaza uko amafoto (portrait) aba ahenze. 

Ayo bishurwa kuri post imwe yo ku mbuga gurukanabumenyi

Hopper HQ yo mu Bwongereza yerekanako Cristiano Ronaldo niwe uhenze cane kw’isi kuko ari nawe ukurikirwa cane doreko afise miliyoni 499 zimukurikira kuri Instagram ubu ndikwadika iyi nkuru niko baza kwiyongera kuberako mbere y’iyi foto bari miliyoni 497. Birumvikanako hiyongereyeho miliyoni zibiri mu masaha 17.

Cristiano yishuza miliyoni zibiri n’ibihumbi 397 ($) kuri post imwe. Ku mwanya wa Gatatu mu bahenze ku mbugankoranyambaga haza Lionel Messi aho yishuza miliyoni imwe n’ibihumbi 777 ($) kuri post imwe.

Kugirango irya foto igere kuri accounts zo muri Portugal na Argentine niburiburi hakoreshejwe miliyoni 4 na 474 ($), (Paid promotion).

Niburi iriya foto ihagaze ayarenga miliyoni zitatu z’amadolali y’amerika. Urya wayifotoye ku munsi yishuwe $170,000 ariko ashobora kurenga bitewe n’akazi yahuye n’ako. Igishoboka nuko ataja munsi y’ariya navuze hejuru. Mu minota 30 iriya foto kuri instagram account ya Messi yari imaze gukundwa (likes) na miliyoni 2.5 yavuzweho (comments) 60,000. Harimwo umugore wa Lionel Messi witwa Antonela Rocuzzo n’umwana wa Sergio Kun Aguero witwa Benjamin. Birashoboka ko iki gikombe c’isi kigiye kubera muri Qatar ari ica Gatanu ca nyuma aba bagabo bazoba bakinye kuko bari kuja muzabukuru mu mateka. Louis Vuitton yabayeho mu 1854. Yatangijwe na Louis Vuitton ikaba ifise icicaro mu Bufaransa , Paris. Ku mwaka yinjiza miliyali 14 z’amaero (Annual revenues). Ikora ibikapo bihenze, amasaha, imiringa y’ubwiza, ibirato, video games, impunzu, imikadara n’ibindi…

Inkuru wosoma


Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *