Aigle Noir Inyuma yo gushira mu karuhuko abamenyereza, uburongozi bwa Aigle Noir bwamenyesheje uwugiye kubandanya awumenyereza.


Aigle Noir Inyuma yo gushira mu karuhuko abamenyereza, uburongozi bwa Aigle Noir bwamenyesheje uwugiye kubandanya awumenyereza. Uwo nawe s’uwundi ni Aime Nzohabonayo, yigeze gukinira umurwi nserukira gihugu, akaba yahora ari umumenyereza mukuru wa Academie ya #AigleNoir yo mu #Ruyigi

Ku mvo y’ifatwa ry’iyo ngingo, Fabrice Niragira, ajejwe ku menyekanisha amakuru muri #AigleNoir agira ati: “gutsindwa n’ibintu bisanzwe mu mupira, ariko iyutsinzwe n’uwutogutsinze naho nyene ataco uyaze nico catumye bashirwa mu karuhuko. #AigleNoir n’umurwi ufise vision. Uburongozi bubonye ko uwo bwizeye atariko arayibushikanako buramuruhurira canke bukamusezerera.”

Ku kibazo c’uko itoba ari inzira yo kubahindurira amabanga nkuko vyabaye kuri #JoslinBipfubusa , #Fabrice yishuye ati : “Haba namba, nta ciyumviro co kubahindurira kirimwo ariko ntibinasigura ko bagarutse bazotegerezwa gushikira mu bibanza barimwo bivanye n’ibihe tuzoba turimwo ico gihe, tuzoraba ingingo ibereye abariyo ikora.

#XDASHMedia#AigleNoir#Burundi


Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *