Berry music yashize umukono kumasezerano hamwe na Beats & Creations


Berry music yashize umukono kumasezerano hamwe na Beats & Creations , kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 14 kigarama imbere y’ibinyamakuru bagiranye amasezerano mu mugambi witwa INDUNDI LIVE FACTORY , ufasha abaririmvyi mukubashikana kure habashika mu kuririmba indirimbo z’ikibiriraho (Live music).

Berry Music akaba ariwe muririmvyi w’umurundi bagiye gutangurana wa mbere inyuma yaho hakaba hari abandi baririmvyi bakiri mubiyago na Beats & Creations.

Kubibazo babajijwe n’abamenyeshamakuru hariho aho Berry Music ayo masezerano azomushikana kurundi rugezo.

Abarongoye Beats & Creations bishuye ko hari imigambi myinshi bafitanye ndetse n’ibikorwa bategekanya gukorana bizoza mu nyuma yaho bagiye gutangurira kakaba nkako mu Burundi umuziki w’ikibiriraho (Live Music) udakunzwe cane gukorwa n’abaririmvyi bohano iwacu.

Abamenyeshamakuru babajije Kandi ikibazo kukijanye n’ikiringo bazokora kuruyo mungambi.

Abarongoye Beats & Creations bishuye ko igihe bagiye gukorana ari kinini igihe nikigera yuko bavana bazobimenyesha.

Bamenyesheje Kandi ko uyu mwaka wa 2022 uhera hari abandi baririmvyi babiri bashize umukono ku masezerano yo gukorana nabo .

Barangije bahimiriza abaririmvyi b’Abarundi gutangura gukorana umuziki w’ikibiriraho (Live Music) kubera yuko ubu ari wo uri kw’isoko cane kandi abantu ari wo bahurumbira bakunda.

Muvyakiriye gute kuri ayo masezerano kumuririmvyi Berry music agiye gutangura gukora umuziki w’Ikibiriraho (Live Music)?


Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *