Double Jay na Kirikou bafadikanije na Bruce Melodie bagiye gushirahaze indirimbo yitwa “INZOGA N’IBEBI” Coach Gael yasezeranye


Double Jay na Kirikou bafadikanije na Bruce Melodie kuva mu Rwanda indirimbo bagiye gushirahaze yitwa “INZOGA N’IBEBI” ikaba izoja kumbuga (Plantfrom Streaming) za Double Jay

iyo mikoranire yico gikorwa ciyo ndirimbo ikaba yapfudikanijwe igihe Bruce Melodie kuva mu Rwanda bazananye n’ishirahamwe ryiwe rihagarikiye ibikorwa vyiwe ryitwa [1:55 AM] gukora ibiteramo 2 vyabereye kuri (ZION BEACH) aho rero yashitse atabwa muri yompi bituguranye kubwi mpamvu zumurwizatunga Toussaint nyene (Guerre Plaza Bar) baribafitaniye amatati abantu benshi mutayobewe.

Iryoshirahamwe [1:55AM] rikaba riyobowe n’umugabo yitwa Gael KAROMBA batazira Coach Gael kubera yuko asazwe atanga inyigisho zihanura uko umuntu yokora akiteza imbere akaba asazwe ari n’Umurundi aba muri Leta zunze ubumwe bw’Amerika (USA).

iryoshirahamwe ryiwe [1:55AM] akaba yarishize kurwengo rwokugira ngo ashikane umuziki womukarere kuburasirazuba bw’Afrika (East Africa) ndeste na Afrika muri rusangi kurundi rwego ivyo ukabibona ugiye kuraba ubusiguzi bw’izina ry’iryoshirahamwe ryiwe ari Ryo:

[1:55AM] = (1)Afrika, (55)Ibihugu 55 bigize afrika yose (AM)Africa Music.

Coach Gael akaba asazwe afise TV Online mugihugu c’Urwanda yitwa (AbaVip TV)

akoreraho ibiganiro vyigisha imigambi yokwiteza imbere (Bussiness) icogihe c’ivyobiteramo 2 vyabaye Coach Gael niwe yabaje kuza mbere azananye na Producer Made Beat womu gihugu c’Urwanda baje gutegura ikibuga mbere yuko Bruce Melodie aza nyuma y’indwi imwe Coach Gael na Made Beat bakaba bakiriwe kukibuga c’indege Melchior ndadayi itariki 23 z’ukwezi kwa Gitugutu nikinyamakuru HitTop TV gikorerako uwodusazwe tuzi nka Landry Promoter

akaba ariho Coach Gael yasezeraniye Landry Promoter ahitemwo abaririmvyi babiri ashatse bafise izina mu Burundi abakorere indirimbo zibiri

akaba ariyo ndirimbo tugiye kubona ya Double Jay na Kirikou bafadikanije na Bruce Melodie Manager wiwe Coach Gael wa [1:55 AM] yabakoreye yitwa “INZOGA N’IBEBI” bagiyekuduha vuba ikaba ikozwe mumudiho wama (Piano) indirimbo (Audio)🎵 yahinyanyuwe na X-FACT asazwe yamuka mugihugu ca Zimbabwe🇿🇼 akaba asazwe akorera hano iwacu🇧🇮 Amasanamu (Video) 🎥 yakozwe numuhinga tuzi cane asazwe akora amasanamu y’indirimbo nyinshi zamenyekanye hano iwacu🇧🇮 i Burundi yitwa JOHN ELART akana arabo bayituganije.

Muyitegurire gute iyindirimbo bagiye kuduha mumpera zuyu mwaka?


Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *