#EricNzikwikunda umunonotsi w’umurundi yiruka ku kirere ca 800m nawe yasezeye amahiganwa.


#EricNzikwikunda umunonotsi w’umurundi yiruka ku kirere ca 800m nawe yasezeye amahiganwa, n’inyuma y’ukuza ku mwanya wa 41 ku rutonde rusangi mu banonotsi bose hamwe 47. Ni mu gihe mu muce yarimwo yabaye uwa 6 muri 8 akoresheje umwanya ungana 1min47’97”

Francine Niyonsaba wewe agira ati: “Indoto yanje y’ugushika mu gice ca nyuma yapfiriye mu ntango. Mbega umurongozi w’abaserukiye Uburundi yari hehe ko nari ndamukeneye ngo amvugire? Abaserukiye Leta Zunze Ubumwe Za #Amerika bagwanye kugira abiwabo bitwa ko bakoze amakosa bakurweko ibihano kandi vyarakunze. Mbega abiwacu kuki batabikoze? Niyumvise nd’umuntu yahebwe, adashigikiwe.

#Uburundi burakeneye indongozi za siporo zitaho ivyo zijejwe. Iryo hindukaka rirakenewe kugira habeho kazoza keza k’inkino ku #Burundi.”

#XDASHMedia#Bujumbura#Burundi


Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *