Ibitanganza!!! Abarundi 3 muri Tanzaniya bagaragaje ubutwari bose batwariye rimwe igikombe cabo ca mbere muri Tanzania.


Ibitanganza!!! Abarundi 3 muri Tanzaniya bagaragaje ubutwari bose batwariye

rimwe igikombe cabo ca mbere muri Tanzania.

Umwe ni Saido Ntibazonkiza (umukinyi), na Cedric Kaze (umumenyereza mukuru) hamwe

Vladimir Niyonkuru (umumenyereza w’abanyegori) batwaye igikombe ca mbere

mu gihe kidashika umwaka bageze muri Tanzania.

Rwari urukino rwahuje YANGA African Sports CLUB na Simba SC Tanzania ,

mu gikombe ca Mapinduzi Cup.

Urworukino rwabereye muri #Zanzibar

, rwaragiye ari 0-0, baca batera ama penalty Yanga-Africans itsinda 4 kuri 3 vya Simba SC

Saido akaba yakinye urukino rwose, ndetse akaba ari nawe yatsinze penalty

yanyuma yatumye umurwi wa Yanga-Africans

utwara igikombe ubugira kabiri, muri rino higanwa

rikinywe ku ncuro yaryo ya 15.

Gira akajambo uvuga kuri Saido, Cedric na Vladimir.


Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *