Miss Burundi 2021 yuguruye icese c’ihinganwa rya #MissBurundi2021 kuruyu wa kabiri itariki 2 Ruhuhuma uyu mwaka wa 2021 turimwo.


Miss Burundi 2021 yuguruye icese c’ihinganwa rya #MissBurundi2021 kuruyu wa kabiri itariki 2 Ruhuhuma uyu mwaka wa 2021 turimwo mu kwugurura icese ca ryo ikabayari yitabiriwe n’abategesi batandukanye hirya nino mu micugararo y’igihugu c’Uburundi

Dacia akaba ariwe asazwe ayoboye itumatumanako(Communication) rya #MissBurundi2021 yashikirije ibisabwa kugira ushobore kuja kwiyandikisha muri ryo hinganwa nibi:

– Umukobwa afise imyaka iri hagati ya 18 na 25.

– Umukobwa afise uburebure bugana na 1,65m.

– Umukobwa afise ibiro bitarenga 65Kg.

– Umukobwa afise inyandiko isukuye (Un casier judiciaire vierge)

Umukobwa w’ubwiza na karanga (Miss) azotorwa mu bazoba bariyandikishije muri iryo higanwa akazomuba mu kiringo c’umwaka wose gushika mu mwaka 2022.

Iyandikwa muri ryo hinganwa rya #MissBurundi2021 rikaba ry’ataguye itariki 2 Ruhuhuma 2021 ucakurubuga rwabo wandika.

www.missburundi.com

#XDASH#MissBurundi2021#Burundi


Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *