Ukuri kwimvo n’imvano mutamenye yugushamirana hagati ya Big Fizzo na Dj Paulin


Hamaze imisi haciririkana hirya nino kumbuga gurukana bumenyi imishamirano hagati ya Big Fizzo na Dj Paulin bikaba birikuvugisha abatari bake
Ishavu,inzigo,igono,ugukunda,ugukundwakaza,ugukokeza ni bimwe mu bishobora gutuma ibintu bikomeza gukomera

Umuririmvyi Drama T ni umwe mubahoze muri BantuBoy (Label) irongowe na Big Fizzo ,kuvyo turabisha amaso hari ivyahindutse kuri uyo muririmvyi Drama T inyuma yo gusezera uyo nararibonye mumuziki w’uburundi Big Fizzo.

Drama T inyuma yo kuboneka cane ku mbuga zitandukanye nk’uwurabwa cane ku rubuga nka Youtube hari abamwiyegereje ngo bifashishe ingabirano yiwe mu gutegura ibiteramo aho n’aha we aronke uburyo buva mu ngabirano yiwe atawokwirengagiza ko nabo nyene bungukira kuri iyo nyenyeri yaka ya Drama T.

DJ Paulin  ati umuririmvyi Irankunda Hery (Drama T)ngiye kumujana mubiteramo I buraya yararonse VISA n’uko inkuru iba nziza ku barundi bose baririra gusohoka igihugu kubw’impano zabo ndetse nawe ubwiwe aragaragaza umunezero afise kwumva ko aronse icabuzwe na benshi nyuma bija kumuhidukana bibi kuvugo yavuze mukiganiro yagiranye na Akeza.net igihe abarundi baba mumakungu (Diaspora) bashavujwe n’uko yavuze ko atogumayo ngo bararuha cane mugukora bakora nkibi machine amasaha 24 umusi wose ivyo yahavuye anasabira ikigongwe inyuma yo guhabwa impanuro n’abatari bake n’aho bamwebamwe bo bavuga ko ataco yavuze kibi vyose arukuri na kare ngo akavugwa kaba gahari kadahari ntikavurwa.

Icababaje abatari bake ni imvugo rero uwugiye kumujana Dj Paulin yoba yarakoresheje mu kiganiro yatanze na TV Online Siren Vibes TV aho bamwe bavuga ko yavuze ngo abaririmvyi bamwe bamwe baranuka bisa n’ibisongereye isibe kuri bamwe harimwo na Big Fizzo. Nivyo koko uwuhawe n’Imana yiyita umuhinga ariko ukumota canke ukunuka biva kw’izuru ry’umuntu kuko umuntu wese yisiga amavuta yumva ko amota neza ntihabura uwumva ko amunukira nk’uko n’uwo wokwumva akunukira ashobora kuba amotera abandi aha kumbure ngira ururimi rwaramunyereranye kuko nawe haraho akamoto kiwe konaba akanuko ku bandi.

Big Fizzo we ngo umudimudimu rimwe mumajambo afobetse, umurungwa ntiyirengagije insiguro umuntu umwe ntarekuriwe gutanga canke kwaka ubwenegihugu mugenzi we mu gihe yaburonse bwaba ubuva ku muvyeyi wiwe,mu Burundi baraba inkomoko ya se canke uwubwisabiye igihe akwije ibisabwa harimwo imyaka 21 y’amavuko kandi muri bo ntamwana mbonamwo uko yoba asa kwose ashobora kuba ari umurundi ntiyotutswe uko asa.

N’aho biri uko burya uwugutuka ntagutorera sinibaza ko hari uwotuka umuntu igitutsi kitari bumukoreko kandi si Big Fizzo canke Dj Paulin bose baratukanye kandi nabi.

Ikibazo nyamukuru abohuje abandi bariko barasambura kuko impande zose usanga zifise abazishigikira ndetse bikavamwo induru aha na hariya.

Mbega ko abarundi twamye turangwa n’urukundo n’ugufatana munda mu gushigikirana muri Ibi Na biriya iterambere ry’uyo musore niryo ryobaye imbarutso y’indyane?

ahubwo mbona twari dukwiye kwishimira ivyo Mugani yakoreye uyo musore maze tugatera intege Dj Paulin kuko hagiye Drama T hazogenda n’abandi maze ivyo gukundwakaza no kubona ko kanaka atakabi kiwe kubera Ibi Na biriya twoba duhurirako tukabireka kuko ivyo tugira vyose mugume mwibuka ko turi abarundi mubizirikane maze twubakire hamwe Uburundi tuzoraga abana b’ejo Burundi.


Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *