Umugabo w’imyaka 65 yambitse impeta umukoba w’imyaka 22 yemezako abahugu ntarukundo bagifise arabo kwishakira ivyo birira no kwishimisha


Umukobwa w’imyaka 22 y’amavuko, uzwi ku mazina ya Mya Annie yamenyekanye kurubuga rwa TikTok yambitswe impeta ya fiyansaye n’umugabo w’imyaka 65 y’amavuko.Uyu mukobwa ukiri muto avugako uyu mugabo bari bamaranye ukwezi kumwe mu munyenga w’urukundo, akaba yabonye ko ari ngombwa ko bakomezanya ndetse bakabana nk’umugore n’umugabo.

Annie ni umwe mubakobwa binjiza amafranga menshi kumbuga gurukana bumenyi cane cane kurubuga rwa TikTok, abantu benshi bakaba bakomeje kwibaza icatumye akundana n’uyu mugabo umurusha imyaka 43.

Uyu mukobwa wo mugihugu ca Angola, igihe yaganira n’ikinyamakuru #CityBizz, yatangajeko yiyumvisemwo uyu mugabo kurusha abasore barenga batatu bose yakundanye nabo.

Uyu mukobwa yemeje ashimitse mubasore bose yakundanye nabo yasanze ivyabo ari ukwinezeza gusa ntarukundo yigeze abasangamwo. Yavuze ati “Abasore bo muri iyi minsi ntarukundo bagira baba bishakira amafranga no kwinezeza gusa, ntagahunda bafise yo kubaka, mukundana ashaka ko muryamana kandi abenshi basigaye bashaka amafaranga kubagore” .

Tanga iciyumviro cawe kuri Facebook


Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *