Nyuma y’igihe kirekire ataboneka ari gukina mu mugwi wa ENPPI womugihugu ca #Egypt yarimwo aho mu myaka ibiri yagaragaye mu inkino 10 gusa azikinamwo, Fiston Abdul Razak yafashe ingingo yo kuwuvamwo uwo murwi. Yanga African Sport Club yo muri #Tanzania ikaba ihejeje kumenyekanisha kurubuga rwabo
![](https://xdashmedia.com/wp-content/uploads/2022/11/138958959_111276370891905_6763629132045685418_n.jpg)
ko asigaye ari umukinyi wiwabo ruvuga ati: <Karibu Jangwani(Ingwe y’irabura), Karibu mu murwi nserukira gihugu Fiston Abdul Razak umunyabikorwa, umukozi w’umupira wa maguru.
![](https://xdashmedia.com/wp-content/uploads/2022/11/139006358_111276347558574_6201374506262644520_n.jpg)
Umurwi nserukira gihugu uravyemeje. > aho agiyeyo asanga abandi bakinyi babiri numumenyereza umwe babarundi, harimwo uwahoze ari kizigenza wiwe mu murwi nserukira gihugu (Saidi Ntibazonkiza)hamwe na (Cedric Kaze) yamumenyereje mu murwi w’igihugu Intamba murugamba
![](https://xdashmedia.com/wp-content/uploads/2022/11/139014990_111276394225236_1783852362775184329_n.jpg)
nawe nyene Fiston Abdul Razak akaba yabigaragaje kurubuga rwiwe ashima.
#XDASH#FistonAbdulRazak#Football#Burundi